Umukinyi w’intamba mu rugamba Bizimana Amissi batazira Coutinho ahejeje gufata indege yerekeza mu gihugu ca Kenya .
ku makuru Indundi Sports yaronse ni uko yereyeje mu gihugu ca Kenya Kwumvikana n’umugwi Sofapaka Fc .
Amissi akaba yatanguye kumenyekana mu mwaka uheze aho ari mu bakinyi bashoboye gufasha Umugwi Rukinzo Fc mu rukino rwanyuma rwa Finale rw’igikombe c’umukuru w’igihugu .
Ashobora gukina ku ruhande canke hagati mu kibuga nkuko twama tumubona mu mugwi Rukinzo Fc .
Mwomenya ko ari umwe mu bakinyi bakinye mu nkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira CAN 2022 zahuje Intamba mu rugamba na Mauritania mu mwaka wa 2020.