Burundifeatured diasporakirundi

#Diaspora|Inyuma y’ubugizi bwa nabi bwamushikiye Mkombozi aragarutse

Afise amazina menshi, ariko izina Mkombozi niryo ryashitse mu mitima yabantu rirabanyengetera kubw’amajambo y’ubuhanuzi ndetse n’ikirundi gisa n’icabagiranywe, ku ndirimbo z’ubutumwa burashe.

Yamenyekanye cane mu myaka y’2009-2015, ico gihe Nzeyimana Thomas yafatwa nk’umwana yahuye n’amakuba y ‘ubuhungiro narirya yaraje ava mu ma kambi y’impunzi z’abarundi muri Tanzaniya.
Mkombozi amenyesha abarundi ndetse n’abakunzi biwe bari kw’isi yose ko aherutse gushikirwa n’ivyago indirimbo ziwe zari kuri you tube zirahanagurwa, ibitamuciye intege na gato, ahubwo bimutumye kwihutisha gusohora Album nshasha.

Mukombozi akaza kuba ari umutumire wacu mu kiganiro Diaspora Show kuri Indundi TV mukaza kugikurikirana mubanje gukora Subscribe kuri Chanel ya Indundi TV you tube, hakaza kuba ari igihe c ‘isaha umunani 14h.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 31