5.5 C
New York
Friday, February 26, 2021
Home Burundi Umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo afise icizere gikomeye ko Urwanda ejo ruzoba rukundana...

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo afise icizere gikomeye ko Urwanda ejo ruzoba rukundana n’Uburundi

Intambwe Uburundi bugezeko mu kunagura imigenderanire hagati y’abwo n’igihugu c’Urwanda ngo irashimishije. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD riherutse kubera i Gitega.

Evariste Ndayishimiye avuga ati : « je ndafise icizere gikomeye cane ko igihugu c’Urwanda, ejo tuzoba dukundana, kuko ubu twaramaze kubona ico dupfa, turakizi. Ni ukuvuga hirya y’ejo uzosanga tubazanya ngo none burya twapfa iki ? Karya gusa niko kaduteranije ? »

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abona ko igisigaye ari uko igihugu c’Urwanda cokura mu nzira ico ivyo bihugu bipfa, ngo kubera ko gisanzwe caragiye ku mugaragaro. Yasiguye ko bitabereye ko bama bararyana kuko ngo basangiye vyinshi haba ururimi hamwe n’imico n’imigenzo.

Must Read

Abagera ku 1353 bari barahunze igihugu bakiriwe bahungutse

0
https://youtu.be/wgMyy-7qfBg Kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2021, abarundi bagera ku 1353 bakiriwe bahungutse bavuye mu gihugu c'Urwanda hamwe na Repubirika iharanira intwaro...