Meme Meili ngo nawe agiye gushira ahabona indirimbo ziwe, ivyo ngo ni mu misi ya Vuba naho atarashima gushikiriza umusi nyezina azozishirira ahabona, ariko kandi yarasanzwe afise izo amaze gukora ariko atarashira ahabona.
Mu kiyago yagiranye na Siren Vibe arikumwe na B Face aho bariko babazwa ivy’indirimbo yiwe nshasha yise Insolite, yavuze ko B Face ari incuti yiwe kuva kera, kandi ko ariwe yagumye amusunikira kuririmba kuko yavuga ko amubonamwo ingabire ikomeye.
“Tuzinanye haraheze hafi imyaka 7, kandi n’umugenzi wanje cane. Arakunda kuba ari muma Karaoke akama ambwirako ko akunda ukuntu ndirimba, ko nkwiye gukuramwo ubunebwe nje ahantu bambone, kandi avuga ko anashaka kumfasha.”
Uwo muririmvyikazi asanzwe akora umuziki Live basanzwe bakunze kwita Karaoke, yabandanyije avuga ko yamubwiye ko atazi iyo yohera, kuko atazi iyo bita umutwe. B Face ngo aca amwemerera kumwereka uko amucira inzira, igihe kigeze ngo niko guca amuhamagara bagaca bakorana iyo ndirimbo.
Naho Atari bwaje ahabona ngo abantu bamenye ivyiwe, Meme avuga ko yaramaze gukora indirimbo, zimwe ngo zisanzwe zica kuri RFM kuko ariho amaze gukora ibiganiro. Uwo mwigeme yabandanije avuga muri ico kiganiro ko ubu yamaze guca ubwenge kuko kubisanzwe ntiyarazi ivyo arimwo.
“Ndamaze gukora indirimbo hari n’izica kuri Rfm kuko niho nakoreye ikiganiro, ariko ubu ndafise indirimbo yanje izosohoka vuba yitwa dukate, nico gituma nasaba abantu ngo baje kuri Chanel yanje yitwa Meme Meili no kuri Instagram izina niryo nyene. Ngira ntangure ninjire muri Game.”
Mwomenya ko atabeye umukobwa wa mbere ataramenyekana B Face bakoranye. Ari nka hamwe Meme abashije kubandanya rikaba rizoba ribaye imbonekarimwe kuko abandi bo biba bias n’ibihereye ku ndirimbo baba bakoranye na B Face.