AgricultureBurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Agriculture : Abarimyi b’ibigori bagiye kuhatorera akoyoko

Abarimyi na cane cane abarimyi b’igiterwa c’ibigori ngo bagiye kuronka akoyoko muri iri yimbura aho intete zumye bagiye guhora bazigurisha ku kabeyi gatubutse.

Inyuma y’ivyirwa vyakozwe na Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Reta y’Uburundi yasanze abarimyi muri rusangi bakoresha inguvu nyinshi yamara bamaze kwimbura bagashora umwimbu wabo ntibaheze ngo baronke agafaranga gatubutse kangana n’uburyo hamwe n’inguvu baba barakoresheje.

Ni muri iyo ntumbero, ubushikiringanji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bufadikanije n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe n’ubw’ubudandaji bwatunganije kuri uno wa mbere igenekerezro rya 1 Ruhuhuma umwaka w’2021, ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza ikiguzi abaguzi bagiye kuzogura umwimbu w’ibigori, aho ikiro kimwe c’intete zumye bashinze ko umurimyi agiye guhora akigurisha ku mafaranga y’amarundi angana n’amajana 680Fbu.

Umshikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema yaboneyeho kumenyesha ko uwuzokwikika mu kiza akagura ku giciro kiri musi y’680 azohanwa hisunzwe amategeko.

Yaboneyeho kandi gushimira abanyamitahe baheruka guterwa akamo na Reta y’Uburundi gushira imitahe yabo mu gisata c’uburimyi ko bariko barakitabira agasaba n’abatarayizana kubikora maze ico gisata gisanzwe gitunze igice kitari gito c’abarundi gishigikirwe bikwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 341