5.5 C
New York
Sunday, October 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeUlimwengu Jules yahumye muri Kenya asunikiramwo bibiri

Ulimwengu Jules yahumye muri Kenya asunikiramwo bibiri

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 31 Nzero 2021, ihiganwa ryo mu gihugu va Kenya ryarabandanije kundwi ya 10. Umugwi Gormahia ukinamwo umusatirizi w’umurundi Ulimwengu Jules wahuye n’umugwi Bandari Fc ukinamwo umunyegori Justin Ndikumana, urwo rukino rukaba rwarangiye Gormahia yirahiye Bandari Fc ibitsindo 3-1. Muri ivyo bitsindo harimwo ibitsindo 2 vy’umusatirizi w’umurundi Ulimwengu Jules akaba yavyinjije umurundi mwene wabo umunyegori Justin Ndikumana .

Gormahia gushika muri kano kanya ikaba iri mu kibanza ca 6 n’amanota 15 mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu ca Kenya .

Mwomenya y’uko mu nkino 8 z’ihiganwa ryo muri Kenya Ulimwengu Jules amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 4.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...