5.5 C
New York
Tuesday, March 2, 2021
Home abakinyi bakina hanze Finale Coupe de l’unité| Flambeau du Centre igiye gucakirana na Rukinzo

Finale Coupe de l’unité| Flambeau du Centre igiye gucakirana na Rukinzo

Kuri uyu wa gatanu ku musi wahariwe Ubumwe bw’abarundi igenekerezo rya 05 Ruhuhuma 2021 isaha icenda 15h00 ku kibuga Ingoma kiri mu ntara ya Gitega , niho hazoca uwambaye hagati y’imigwi ibiri isanzwe ikomeye muri Primus league Flambeau du Centre hamwe na Rukinzo Fc, iyo migwi ikaba igiye gukina urukino rwa nyuma rwa Finale rw’igikombe c’ubumwe imaze guhura incuri zishika kuri 4.

Turavye muri kahise ko hafi mu nkino 4 iyo migwi imaze guhura Flambeau du Centre imaze gutsinda inkino 2 banganya urukino 1 , mu gihe Rukinzo imaze gutsinda urukino rumwe gusa.

Mwokwibuka y’uko iyo migwi igiye guhura ari nayo itwara ibibanza bibiri vya mbere muri Primus league , Flambeau du Centre niyo ifata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza n’amanota 38 mu gihe Rukinzo Fc ifata ikibanza ca kabiri n’amanota 38.

Ugurura ino link ya Indundi Tv urabe ingene imyimenyerezo ya mbere yagenze👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

 

Must Read

@Akeza Pic

Handball: Brothers niyo iramutswa igikombe c’i Bujumbura

0
Ihiganwa rya Handball ryarabandanije rikaba risigaje ku ndwi yaryo ya nyuma, Brothers niyo yatahukanye igikombe naho ihiganwa ribandanya . Uwo murwi mushasha umaze imyaka ibiri...

Dynamo ikoreye urubanza Kern