5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeSaidi Ntibazonkiza ngo Fiston ni umwicanyi

Saidi Ntibazonkiza ngo Fiston ni umwicanyi

Mu kiganiro Saidi Ntibazonkiza yaraye akoze n’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Tanzania ku musi mukuru wari hawariwe Umugwi Yang Africans kuyaga n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru , Saidi Ntibazonkiza yagize ico ashikirije kuvyerekeye Fiston Abdoulrazaq.

Abajijwe ibintu bitanu canke bitandatu abona ku murundi mugenzi we bagiye gukinana muri Yanga Africans yavuze y’uko uwo mukinyi ari umwicanyi, akaba yagize ati :

“Ni umukinyi mwiza ndamuzi twarakinanye mu mugwi nserukira gihugu w’Uburundi imyaka iheze n’ubu ndibaza y’uko IMANA imufashije arashobora gukora ikintu gikomeye. Fiston, he Is the Killer ni umwicanyi IMANA imufashe imuhe amagara meza kuko uno musi udafise amagara meza n’impfagusa. Ashobora gukina urukino rumwe canke inkino zitatu agaca akomereka ariko agize amagara meza mfise icizere y’uko IMANA ibishatse azokora ibintu bikomeye.”

Fiston Abdoulrazaq akaba aje muri Yang Africans ahasanze abandi barundi nk’umumenyereza mukuru Cedric Kaze , Umumenyereza w’abanyegori Niyonkuru Vladmir hamwe na Saidi Ntibazonkiza.

 

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...