5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiNelly Nat yoba ariwe asunikiye abatowe muri Miss Ngoma kuvavanura na Ngoma...

Nelly Nat yoba ariwe asunikiye abatowe muri Miss Ngoma kuvavanura na Ngoma Event?

 

Ba bakobwa 4 bari batowe muri Miss Ngoma aribo Miss Ngoma, Niyera Anne, ibisonga vyiwe, Ketty Merveille na Niyoyankana Adele Ange Nicole hamwe na Miss Popularity Habimana Clara Kany, bakinjuye muri ico gikorwa bari batsinze igenekerezo rya 19/12/2020 mu ntara ya Gitega.

Abo bakobwa mw’ikete ryabonetse bandikiye uwurongoye ishirahamwe Ingoma Event , Hakizimana Alfred, bamumenyesheje ko kubera iryo shirahamwe ritabashije gushitsa ivyo bari bumvikanye, ngo bahisemwo guhagarika ubucuti bari bafitanye.

Muri iryo kete abo bakobwa batanze uburorero bw’ivyo batakoze birimwo guhabwa ubuganuke bari bemerewe. S’ico gusa kuko abo bakobwa bamenyesheje ko uwo murongozi yabeshe ibimenyeshamakuru ku bijanye n’ibikorwa bizokurikira.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho uwurongoye iryo shirahamwe Ingoma Event amenyeshereje aciye mu kiyago yagiranye na Isaac Tv ko Nelly Nat ariwe ariko aratera ibibazo biciye mu majambo ariko yandika ku mbuga ngurukanabumenyi  acafuza igikorwa bakoze ca Miss Ngoma cakunzwe n’abatari bake.

Muri ico kiganiro yamenyesheje ko ibijanye n’ubushimwe abo bakobwa 3 barimwo Ibisonga 2 vya Miss Ngoma hamwe na Miss Popularity ata na hamwe bemeranije ibintu bazohabwa, nayo Miss Ngoma we ngo imodoka ntihari bwagere ko ayigenderamwo kuko ngo bategerezwa kubanza kuyishirako ibimenyetso vy’amashirahamwe bari bemeranije gukora umwaka wose.

Hakizimana yari yongeyeko kandi ko imodoka itari kumuhabwa ataranaronka uruhusha rwo kugendesha imodoka, ngo yarakiriko ararondera impusha zo kugendesha imodoka. Ariko kandi akaba muri ico kiganiro yashizemwo umutego avuga ko iyo modoka muri uwo mwaka wose azoba ari Miss Ngoma izoba itaramwegukira kuko ari nka hamwe atwaye inda ngo bazoca bayimwaka n’ubundi bushimwe bwose ngo bugahabwa igisonga ca Mbere.

Mwomenya ko Alfred yari yamenyesheje mu ndwi ya nyuma y’iryo higanwa ko imodoka itari bwagurwe, ariko ko baronka uwuyigura canke bamubura ngo bazotegerezwa kuyimuha. Aho umuntu aca yibaza nimba iyo modoka yoba yari yaraguzwe, itari bwagurwe canke nimba irya modoka yerekanywe yoba yari iyatiwe.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

0
    Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania . ku musi w’Imana igenekerezo rya 24...