Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 03 Ruhuhuma 2021, niho Umugwi BS Dynamik wafashe ingingo yo kuvavanura n’umumenyereza wayo Mugunga Dieudonnée babanje kwimvikana ku mpande zose .
Bs Dynamik yaciye iha amasezerano Umumenyereza Harerimana Haruna yahora amenyereza Umugwi KMC wo mu gihugu ca Tanzania mw’ihiganwa ry’umwaka uheze .
Gushika ubu Ntawuramenya amasezerano ya Haruna hamwe na Bs Dynamik ikiringo azomara .
Mugunga Dieudonnée Kembo mu nkino 19 z’ihiganwa rya Primus league yamenyereje Umugwi Bs Dynamik yatsinze inkino 8 anganya inkino 4 atakaza inkino 7 , akaba awusize mu kibanza ca 8 n’amanota 28.
Mwomenya ko Haruna asanzwe afise Licence A ya CAF , amaze kumenyereza Imigwi ya Aigle Noir The Fighers , Rusizi Fc , Flambeau de l’est , Telaviv Fc , Inter Star hamwe na Vital’o Fc yigeze kuba nk’icegera mugihe muri Tanzania yamenyereje Lipuli Fc hamwe na KMC .