Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules yatowe nk’umukinyi yaranze indwi ya 10 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya .
Jules ulimwengu akaba aherutse gutsinda ibitsindo bibiri wenyene mu rukino ruheruka rwahuje na Bandari Fc abitsinze Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana urwo rukino Gormahia yatsinze ibitsindo 3-1.
Mu nkino 8 Jules amaze gukina mw’ihiganwa ryo muri Kenya amaze gutsinda ibitsindo 4.
Mwomenya ko Gormahia ya Jules ifata ikibanza ca 6 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya .