5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeComediesMutima le comedien ngo kumenyekana vyamuguyeko, ntiyabirondeye

Mutima le comedien ngo kumenyekana vyamuguyeko, ntiyabirondeye

Uwumvise amajwi akunze guhanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi benshi bita Audio y’umuntu asaba abo muhira ko bomubikira udufungurwa, “Allo, Uri Mawe? Umbikire ubugari ndarya…” abatari bake baca bumva ko ari Mutuma le Comedien. Ako gakino ngo niko katumye abantu batari bake bamumenya.

Mu kiyago yagiranye n’imboneshakure Buki Moon, yavuze ko naho ako gakino katumye abantu batari bake bamumenye ngo kanatumye abo mu muryango iwabo bamubona nk’umusazi. Ico gihe ngo abatari bake batanguye guhanahana ayo majwi bamuvuga nabi, ariko ngo vyaje guhinduka bamubonye aramukanya na na Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Mutima le Comedien muri ico kiyago nyene yagarutse ku buryo yamenyekanye aho avuga ko atavyo yarondeye, ariko ngo yisanze abantu bamaze kumumenya cane, kuko ako gakino katumye amenyekana ngo ntiyagakinye yabiteguye, ariko ngi ryari ijwi yarungikiye umugenzi wiwe kuri Whatsapp noneho nawe ariha uwundi, gutyo bikwira isi.

Mutima yanavuze ko ibikino vyiwe nka vyose atavyo yandika, ngo akina ibintu bimuvuye mu mutwe. Ariko akaba avuga ko ico yandika ari ama Video ariko akina acishije kuri Indundi Tv. Ivyo bikino nyene ngo ico ashira imbere n’ugutanga ubutumwa, ariko kandi agatwenza abantu ariko babanje kugira ico bahigira.

Mutima akaba ari akazina yakuye mu vyese yakina ku rusengero rwa EEAC Kanyosha yasengeramwo, ariko amazina yiwe nyakuri akaba ari Minani Fleury

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...