Urwo rupapuro ruronderwa n’abagomba kuja hanze y’igihugu gwahora rurihwa amafaranga y’amarundi ibihumbi icumi ubu rugiye kurihwa amafaranga ibihumbi mirongo itandatu.
Bishikirizwa naThaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida aho asigura ko icatumye baduza igiciro aruko rukorwa ku buhinga bwa none kandi ababikora bakenera agahembo.
Igihe co kuguma ahawenyene bigumijwe ku misi 7 naho wova hanze wararonse urucanco. Yabimenyesheje ku muhingamo wo Kur’uno wa 4/2/2021 inyuma y’inama ihuza abagize umugwi ujejwe guhangana n’ikiza ca coronavirus, inyuma ya hafi ukwezi ushinzwe.