5.5 C
New York
Saturday, October 16, 2021
HomeBain TuroSat-B kumurwa mukuru w‘abipfuza icuka siciza hagati yabo

Sat-B kumurwa mukuru w‘abipfuza icuka siciza hagati yabo

Umuryango wa Empire Avenue urongowe na Sat-B atagikozwe vuba bwango ugiye gusambuka wose.
Inyuma y’abatari bake bari bagize uwo muryango bagiye bamenyesha ko bawuvuyemwo aho twobibutsa nk’umuririvyikazi Clemantine Kavy n’umurwi Best Life Music n’abagenzi babo bawusigayemwo ngo boba bagiye guhamvya abandi mu misi.
Inkwezi ya vyose akaba ari ukutumvikana kumaze amezi hagati y’umuririmvyikazi Belle Nice akaba n’umukunzi w’uwurongoye uwo muryago ibintu hagati yabo bitameze neza bakaba batakiri kumwe.
Eka n’umuririvyikazi Miss Erica nawe ashobora kuva muri uwo muryango wa Empire Avenue vuba navuba ibizoca bituma umuryango wabo ushobora gusambuka ubutarariye.

Uwo muryango ugashobora kuzosigaramwo abaririmvyi babiri gusa aribo Sat-B asanzwe ari nawe awurongoye na Bain Turo.
Abeshi bakaba bibaza uko ibintu vyoba bigiye kumera kuri uwo muryango bavuga ko wagutse.
Aha twoshobora kwibaza duti n’igiki gituma ama Label ya hano iwacu atamara na kabiri?

Bamwe bati biva kubayarongoye ataburyo bukwiye baba bafise mu gutunganya Label zabo,
abandi nabo bati mwanguha biva kubaririmvyi baba bazigiyemwo, kuko mu kwinjira muri Label nkinzo bisaba kuba mwavuganye ivyo mugiye gufashanya bitagiye mungiro uruhande rumwe rugahitamwo kubiheba.

Mwomenya ko twagiye turabona abaririmvyi bamwe bamwe baca bakwa n’imbuga zabo bakoresha mugihe baba bavavanuye na Label bahoramwo ivy’abakunzi b’umuziki benshi badatahura uko bigenda kuko ukuri kuba kuzi bene kuyaga.

- Advertisment -

Must Read

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

0
Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni. Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu...