HomeAgricultureAgriculture : Ibikenewe kugira iri rima ry'impeshi rize rigende neza

Agriculture : Ibikenewe kugira iri rima ry’impeshi rize rigende neza

Muri kino gihe c’irima ry’impeshi, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema, ahamagarira abarimyi hamwe n’abahurikiye mu makoperative kwihutira kuriha kare amafaranga asigaye y’ifumbire n’ishwagara (solde).

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruhuhuma umwaka w’2021, umushikiranganji Déo Guide Rurema yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko ikora ibishoboka vyose kugira ngo umwimbu w’iri rima ry’impeshi uze ugende neza mu kuronsa abarimyi ifumbire n’ishagara bikwiye ku gihe ciza.

Muri ico kiganiro, umushikiranganji Rurema amenyesha ko Reta y’Uburundi muri wa mugambi wayo w’uko umunwa wose uronka ico ufungura, umufuko w’umwenegihugu uronke amafaranga, yashizeho umugwi uhurikiyemwo ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, n’abandi uzokwama ukurikiranira hafi amafaranga umurimyi azoba yakoresheje mu kurima kugira ngo ubone gushiraho igiciro c’ivyimburwa ku buryo umurimyi nawe ahatorera akoyoko ntatahire kurima gusa.

Umushikiranganji Déo Guide Rurema yaboneyeho kandi guhamagarira abarimyi kwijukira kwitura abagwizambuto bazwi uhereye mu kigo ISABU kugira ngo baze batere imbuto zirobanuye bazoba baguze kuri abo bagwizambuto gutyo baze baronke umwimbu ushimishije.

Nayo mu bijanye n’ugukingira ibidukikije, umushikiranganji Rurema amenyesha ko buri wa gatatu w’iyinga hategekanyijwe ikiganiro kizokwama gica ku mboneshakure y’igihugu RTNB.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe...

0
  Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo...