Mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije buriko burategura kugwiza ibigo vy’iratiro, aho gushika ubu ngo bumaze gushiraho ibigo vy’iratiro 144 bikora ukuri kwamye.
Amahegitari 670 niyo amaze gusuhirwaho n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kugira azokorerwemwo ibigo vy’iratiro.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruhuhuma umwaka w’2021, umushikiranganji Déo Guide Rurema yamenyesheje ivyo ibigo vy’iratiro bigizwe n’imirima minini minini, ngo iyo mirima izoheza igabangane amakoperative atandukanye.