Inkino

# Indundi Sports | Shassir Nahimana agiye gukinira Umugwi Vital’o Fc

 

 

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Nahimana Shassir agiye gukinira Umugwi Vital’o Fc mu nkino zikurikira.

Ayo makuru akemezwa na zimwe mu ndongizi z’umugwi Vital’o Fc mbere bikavurwa y’uko no mu rukino rw’igikombe ca Primus league rw’indwi ya 21 ruzohuza Vital’o Fc hamwe na Olympic Star ruzoba ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2021 ku kibuga Intwari uwo mukinyi ashobora kuboneka mu kibuga .

Shassir akaba yahora akina mu Mugwi Futuro Fc ukina mu cicaro cambere mu gihugu ca Guinée Equatorial.

Shassir Nahimana yakiniye imigwi ya Inter Star mu Burundi , Vital’o Fc agiye gusubira kuyikinira , mu Rwanda mu Mugwi Rayon Sports , Nizwa Fc yo muri Oman , Al Mojzel yo muri Arabie Saudite hamwe na Al Antesar .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 71