5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanzePLB: Yinjije ibitsindo 3 wenyene aca atahana umupira n’ibahasha ry’ibihumbi 50,000

PLB: Yinjije ibitsindo 3 wenyene aca atahana umupira n’ibahasha ry’ibihumbi 50,000

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2021, niho hakinwa ibirarane bibiri vy’inkino z’indwi ya 20 mw’ihiganwa rya primus league ku migwi ibiri yakinye Finale y’igikombe c’ubumwe Rukinzo hamwe na Flambeau du Centre .

Ku ruhande rwa Flambeau Du centre ari nayo yatwaye igikombe c’ubumwe yakiriwe na Kayanza United ku kibuga Gatwaro inyagirwa ibitsindo 3-0 , ivyo bitsindo vyose vyinjijwe n’umukinyi wa kera wa Aigle Noir hamwe na Inter Star Rukundo Abdoulrahman benshi bita Papley .

Inyuma y’urukino uwo mukinyi akina ku nimero 10 yaciye ahabwa umupira ndetse anatorwa nk’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi ahabwa amafaranga ibihumbi 50,000fb na Entreprse Irishura yifadikanije na Relax Bar vyo mu Kayanza .

Ku rundi rukino rw’ikirarane rwakinywe, Royal Fc yanyagiye Rukinzo Fc ibitsindo 5-0 ibintu bitari bwaboneke kuri uwo mugwi Rukinzo kuva aho ihiganwa rya Primus league ritanguriye.

 

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...