5.5 C
New York
Tuesday, March 2, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Amissi Tambwe yaraye yinjije ibitsindo 3 wenye muri...

# Indundi Sports | Amissi Tambwe yaraye yinjije ibitsindo 3 wenye muri 7

 

kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2021, Umugwi Police wari wakiriwe n’ umugwi Quartier 5 mu rukino rw’indwi ya 12 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Djibouti , Urwo rukino rukaba rwararangiye Police Fc inyagiye Quartier 5 ibitsindo 7-0.

Muri ivyo bitsindo 7 , Umukinyi w’umusatirizi w’Umurundi Amissi Tambwe yatsinzemwo ibitsindo 3 wenyenye ivyatumye akwiza ibitsindo 9 mu nkino 12 amaze gukinira Umugwi Police Fc .

Police Fc ikaba ifata ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo muri Djibouti n’amanota 20 , mugihe umugwi ufata ikibanza ca mbere ufise amanota 24 .

Mwomenya y’uko Umurundi yakinye urwo rukino atari Amissi Tambwe wenyene kuko Kaze Gilbert Demunga, hamwe na Arakaza Marc Arthur nabo bashoboye gukina urwo rukino rwose.

 

Must Read

@Akeza Pic

Handball: Brothers niyo iramutswa igikombe c’i Bujumbura

0
Ihiganwa rya Handball ryarabandanije rikaba risigaje ku ndwi yaryo ya nyuma, Brothers niyo yatahukanye igikombe naho ihiganwa ribandanya . Uwo murwi mushasha umaze imyaka ibiri...

Dynamo ikoreye urubanza Kern