5.5 C
New York
Saturday, February 27, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | CAF Conf Cup: Kwizera Eric Kirungo yaraye afashije...

# Indundi Sports | CAF Conf Cup: Kwizera Eric Kirungo yaraye afashije Namungo Fc gutsinda CD de Agosto

 

 

Ubuhinga bwa Kwizera Eric Kirungo buri mu vyatumye uwo mukinyi w’umurundi afasha Namungo Fc kunyagira CD de Agosto yo muri Angola Ibitsindo 6-2.

kuri uyu w’imana waraye uheze igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2021 , niho umugwi CD de Agosto wo muri Angola wakina urukino rwabo rwo gutangura rw’igikombe ca CAF Confederation Cup mu gihugu ca Tanzania bivanye n’uko mu gihugu ca Angola hari bahaye ikibazo catumye CAF ifata ingingo y’uko inkino zose zizohuza iyo migwi zizobera mu gihugu ca Tanzania .

Umugwi Agosto niwo watanguye kuronka igitsindo ku munota wa 11 w’urukino biciye kuri Perinati yatewe na Brayan , Ku munota wa 32 Namungo Fc baragomboye gitsindo biciye kuri Hasim  baca banganya igitsindo 1-1.

Igitsindo co kugombora cahaye inguvu Namungo Fc baca baronka igitsindo ca 2 ku munota wa 38 w’urukino biciye kuri Sixitus Sabilo .

 

ku munota wa 51 CD de Agosto bararonse igitsindo ca kabiri co kugombora biciye kuri Ambrosini Antonio , ariko ico gitsindo nticaramvye kuko ku munota wa 55 w’urukino Lusajo yaciye atsinda igitsindo ca 3 ca Namungo Fc .

ku munota wa 60 Namungo baronse igitsindo ca 4 biciye kuri Sabilo Sixitius , basubira baronka ikindi gitsindo ca 5 ku munota wa 64 biciye ku murundi Kwizera Eric Kirungo haciye akanya gato Basubira kandi baronka igitsindo ca 6 biciye kuri Stephen Sey , urukino rubona kurangira Namungo inyagiye Agosto ibitsindo 6-2.

Mukamenya ko urukino rwo gusubiriza ruzoba muri ico gihugu nyene ca Tanzania ku musi wa kane igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2021.

 

Must Read

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

0
Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu...