5.5 C
New York
Wednesday, May 12, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Ndikumana Asman yaraye yinjiye mu gitigiri cabinjije Hatrick

# Indundi Sports | Ndikumana Asman yaraye yinjiye mu gitigiri cabinjije Hatrick

 

Umukinyi Ndikumana Asman batazira Gaden yinjiye mu gitigiri c’abakinyi bamaze gukina Primus league yo muri uno mwaka binjinje ibitsindo 3 mu rukino rumwe ( Hatrick).

mugihe ku musi wa Gatandatu uheze igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2021, Aigle Noire yariko irakira Umugwi Bs Dynamik ikawutsinda ibitsindo 4-2 , Umukinyi wo hagati w’umugwi Aigle Noir The Fighters Ndikumana Asman Garden yinjije ibitsindo 3 wenyene muri urwo rukino ivyatumye atahana umupira .

ivyo bikaba vyaciye bituma afata ikibanza ca mbere vy’impfatakibanza mu bakinyi bamaze gutsinda ibitsindo vyinshi gusumba abandi akaba afise ibitsindo 13.

 

Akaba ahambije abandi bakinyi bari bamaze kwinjiza ibitsindo 3 mu rukino rumwe nka Kasongo Benjamin hamwe na Rukundo Abdoulrahman  Papley.

Ndikumana Asman akaba ari umwe mu bakinyi bashobora gukina ku ruhande rwariwo rwose bimwe bita (Polyvalent).

Mwomenya ko ari umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba bahamagawe gukora imyimenyerezo yo kwitegurira inkino zibiri zo kurondera itike rya CAN 2022 zizoduhuza na Centrafrique hamwe na Maroc mu kwezi kwa Ntwarante buca dutangura.

 

Must Read

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 28

0
Inyuma y’inkino z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league rigiye kubandanya kundwi yaryo ya 28, igenekerezo rya 14 Rusama...