HomeBasketballPully foxes yizeye Loko ngo ayibere umumenyereza

Pully foxes yizeye Loko ngo ayibere umumenyereza

Inyuma y’igihe kitari gito umumenyereza wa basketball Loko ashitse muri Suisse mu gisagara ca Lausanne yizigiwe n’umurwi wo muri ico gisagara .

Lionel Nkurunziza batazira Loko yavutse kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 1986 mu gisagara ca Bujumbura , akaba yarakiniye umurwi wa New stars yongera aranawumenyereza . Yaramenyereje imirwi itandukanye nka Les fidèles, les Gazelles , Berco stars na Aigle mu bigeme no mu bahungu.

 

N’iki twomwitegako ?

Loko amenyesha ko yahawe akazi ko kumenyereza abana bari hagati y’imyaka 11 na 17 muri uwo murwi akaba amenyesha ko azofasha uwo murwi kugira ushike kure hashoboka.
Uwo mumenyereza yarabaye icegera ca Ngwijuruvugo Richard Patrick mu murwi wa Berco stars , Loko aramaze gutwara ibikombe hano iwacu eka mbere no mu karere akaba yaratwaye ibikombe 2 vyitiriwe memorial Gisembe mu Rwanda yongera atwara ihiganwa rya zone 5 bikaba vyatumye Berco star ikina igikombe ca Afrika c’imirwi yabaye iya mbere mu burere .

Nkurunziza Lionel Loko yiyemeje ko azohuza imirwi yo muri Suisse n’iyo mu Burundi kugira imirwi y’ino ironswe ibikoresho vya nkenerwa , muri uko guhuza izo mpande zibiri uyo mumenyereza yabwiye Buja fm na Indundi sport ko azofasha kugira abamenyereza bo muri Suisse baze i Burundi gutanga inyigisho ku bamenyereza n’abarundi kuko ngo bafise Ingabirano zidasanzwe.

- Advertisment -

Must Read

Hujali, Godas’s new song will be out soon

0
Hujali is a new song of the singer Godas Muhoza. We recently informed you of its probable date of publication, but the real date...