Inkino

Indundi Sports | Cedric kaze ahejeje gusezererwa muri Yanga hamwe na Staff yiwe yose

 

 

Inyuma yo gutangura nabi k’umugwi Yang Africans mu nkino zo gusubiriza z’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania VPL ( Vodacom Premier League) , uburongozi bw’umugwi Yang africans kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 07 Ntwarante 2021, bwahisemwo gusesa amasezerano bwari bufitaniye n’umumenyereza w’umurundi Cedric Kaze hamwe na Staff yiwe irimwo Umumenyereza w’amanyegori Umurundi Vladmir Niyonkuru.

Ivyo vyose bikaba vyabaye inyuma y’urukino bahejeje gukina mu masaha aheze aho Yang africans yashoboye kunganya na Polisi igitsindo 1-1, mu rukino rw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania .

Abaherekeje Cedric kaze ni Umumenyereza agiri kabiri ariwe Nizar Halfan , Umumenyereza w’abanyegori Umurundi Niyonkuru Vladmir n’uwasanzwe araba umutekano w’umugwi Moussa Mahudi.

Mwomenya ko kuvaho Cedric kaze ahawe amabanga yo kumenyereza Yang africans yamenyereje inkino 18 atsinda 10 anganya 7 ataka urukino 1 gusa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 71