Icizere ni cose kuri Ado josan ko ata muririmvyi azosubira gukomakomwa ku bijanye n’indirimbo zisa n’izitavurwako rumwe n’abatari bake ku bijanye n’amajambo, intambo canke inyambaro ziba ziboneka mu ndirimbo. Ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwa Instagram aho yari kuri Live.
Ado Josan akaba yavuze ko yahamagawe na rumwe mu rwego atashikirije urwarirwo ngo asigure ibivurwa mu ndirimbo Hmm, ariko imbere yaho akaba yari yasabwe ko yobanza gukura iyo ndirimbo ku rubuga.
Urwo rwego nkuko uwo muririmvyi yabishikirije kuri iyo Live ngo rwari rwahawe ikirego barubwira ko amajambo ari muri iyo ndirimbo adahumuriza nkuko yabandanije abishikiriza kuri iyo Live. Ado Josan ariko akavuga ko inyuma y’ukuganira nabo ngo basanze ataco vyishe, noneho bamuha uruhusha rwo kuyisubizako.
Uwo muririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vya misi yose mu gihugu ca Finland akaba yavugiye kuri iyo Live ko yizeye ko ata wundi muririmvyi azosubira guhamagarwa kubw’ibivurwa mu ndirimbo.
Ado Josan akaba amenyesha ko aho bukera azoshira ahabona iyindi ndirimbo naho atavuga umusi ngo kuko Hmmm ikiri nshasha ata misi iramara. Akaba avuga ko afise izindi zitari nke mu bubiko, akavuga ko nawe yari yamaze kubona ko yari yaranyoteje abamukurikirana.
Mwomenya ko hampande ya Ado Josan, na Olegue nawe indirimbo yiwe Korayo yavuzweko amajambo atari make, bamwe bamwe bakaba bari bibajije ko bashobora no gusubira kumufunga nkuko bari babikoze ku ndirimbo Delegue General yari yasohoye imbere ya Doctor.