Intamba mu rugamba zimirije inkino zibiri zo kurondera itike rya CAN 2022 zigiye kuyihuza na Centrafrique hamwe na Maroc muri uku kwezi kwa Ntwarante .
Urukino rwa mbere ruzohuza Intamba na Republic Centrafrique ruzobera i Bujumbura kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2021 , igihe c’isaha Icenda 15 h ku kibuga Intwari , mugihe urugira kabiri ruzoyihuza na Maroc igenekerezo rya 30 urwo narwo gushika kuri uyu musi ruzokinirwa mu gihugu ca Maroc .
Amakuru Indundi Sports yaronse muri kano kanya ni uko Urutonde rw’abakinyi bazotana mu mitwe muri izo nkino zibiri rushobora kuba rurerure rugashobora kushika kugitigiri c’abakinyi 30 bivanye n’uko bamwe bosanganywe Umugera wa Covid -19 bigaca bifasha abamenyereza kuronka ababasubirira.
Gushika ubu nta rutonde nyezina rurasohoka , bikavurwa ko umwanya n’umwanya urwo urutonde rushobora gushirwa ahabona.
Mwokwibuka ko Uburundi buri mw’itsinda rya E bukaba buri mu kibanza ca 3 n’amanota 4 mugihe Maroc ifata ikibanza ca 1 n’amanota 10 , igakurikirwa na Mauritania ifise amanota 5 mugihe umugwi ufata ikibanza canyuma ari Republic Centrafrique ifise amanota atarenga