5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomekirundiUrwevu: Guhera uwu musi fata ingingo!

Urwevu: Guhera uwu musi fata ingingo!

Vyose bipfira mu mutwe! Aho umuntu ashika mu buzima, hafitaniye isano n’aho yifuza gushika. Iyo uhagurutse ugiye hariya, maze ubwonko ukabumenyesha ko ariyo ntumbero ufise, buraheza bukanyaragasa kwitunganya aho bugeza bufatiye ku vyo wabubutegetse.

Ukwiyumvira iyo ushobora gushika nako kurafitaniye  isano n’ubumenyi umuntu aba afise. Mu vyihweje neza ivyo tubonesha amaso womenga utereje amaso hirya kure, hari aho ijuru rihava rigakora hasi . womengi tufutswe n’igisenge gifise iherezo, nka kurya k’uwoba afutswe n’urutaro.

Uko rero niko turemye, muri kameremerere, yacu , dufise ukubona kugera ahari iherezo. Nico gituma tuguma turondera gushira amaherezo n’aho atari. Uguca ubwenge rero ni ukugurura amarembo maze , ivyahoze ari amaherezo bikagenda birakinjura uko umuco ugenda uraza niko imbibe zaguka.

None rero tugarutse, aha haziko iwacu; kenshi na kenshi dukura twisunga ku burorero tubona hagufi, maze gutyo tugashaka kuduga tubwisunga. Uko tubona abageze aho tutageze niko turondera kugera aho nyene kuko tweho ari ho twita kure. Uko rero abo dufatirako baba bagufi ugereranije n’abandi tutazi, niko natwe tuzokwama tuba bagufi tugereranije n’abo tutazi.

Ugusoma ibitabo, ni akaryo k’ugufasha kumenya abo utari uzi, bagenze ku masonga ata n’umwo mubo wari uzi barashikako. Ivyo bizogufasha kwugurura imbibe wari warubatse mu bwonko ufatiye ku vyari bigukikije.

Abenshi kera iyo ruguru iyo twakuriye, wakura ubona, mwarimu, Directeri, Patiri na Musitanteri ari bwo burorero bwaguha inguvu z’ukubandanya wiga maze nawe ngo uze ube nka bo, uzokwambare ikirato, uze uravuga igifarasa rimwe rimwe nka ”ça va”?; ushobore kuzogura ipikipiki nka Inspecteri , canke uzoshobore  kuza uratembera mu bantu uvuza uruhwa , uzungangiza impfugurozo aho uciye hose bakubwira bati ‘ Ndagize bwakeye…”.

N’ukuvuga rero ko uko muntu ava kure  mu kabande, ariko yubaka inzitizi zikomeye z’ugushika ku masonga, na narirya ivyo aba yita  amasonga, aba nyabuna ari  ubundi buryo bw’ukubaho mu kabande.( Pauvreté déguisée).

Noneho rero, nk’ubu hoho isi y’ugurutse amahirwe ni menshi y’ukurahura ubwenge maze akaraba ah’i bihangange vy’iyi si vyageze agaheza nawe akarahira akarangwe ati nanje nzohashika. Abasokuru barayamaze bati n’umuswa warigez’ibuye!

Bafise ubwonko, nawe urabufise…, kumbure mbere weho ufise amahirwe menshi bobo bakuze badafise. Kimwe gusa ukeneye ni ugufata iyo ngingo.

Ubushobozi bw’ugufita isanamu mu bwonko ijanye n’amasonga ushaka gushikako , ni imwe mu ntambwe ikomeye uba uteye muri urwo rugendo ruja ku mataba y’imisozi.

Fata ingingo uwu musi ko mu myaka cumi uzoba uri igihangange mu kuvura abantu uheze urabe ko utabishikako. None ubuzwa n’iki ko n’ubundi uzoza ubona iyo mwaka ihise?

Fata ingingo uwu musi ko mu mwaka cumi, uzoba uri igihangange mu buhinga bw’ukudandaza uheze urabe ko bitazo uko nyene.

Naho woba ufise imyaka 50, wobuzwa n’iki gufata ingingo y’ukuba mu myaka icumi iri imbere ufise amafaranga azoca agutungira ubuzima bwawe bwawe bwose.

Ibanga ni rimwe.Hitamwo kwiga kandi. Soma ikintu cose ushikanyeko amaso kijanye n’ivyo wifuza kwiga.

Nimba ushaka kuzoba umudandaza , fata ingingo uwu musi y’ugusoma ikintu cose kijanye n’ubuhinga bw’ukudandaza. Fata ingingo y’ugusoma ibitabo vyobose woshobora kuronka muri kano kanya.

Fata ingingo y’ukuba uhejeje gusoma igitabo buri ndwi, uzoheza urabe mu myaka itanu yonyene aho uzoba ugeze.

FATA INGINGO.

 

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...