5.5 C
New York
Sunday, May 9, 2021
Home Burundi BCM: Jean de Dieu niwe yatsindiye agashimwe k'umumenyereza w’ukwezi kwa Ruhuhuma

BCM: Jean de Dieu niwe yatsindiye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Ruhuhuma

Umumenyereza w’umugwi Musongati Fc yasubiye gutsindira agashimwe k’umumenyereza yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma inyuma yo gutsindira ako mu kwezi kwa Nzero.

Jean de Dieu mu nkino zine zakinwe muri uko kwezi yatsinze inkino zitatu , atsindwa urukino rumwe uhereye kundwi ya 21 gushika ku ndwi ya 24 nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe BCM ryama ritanga agashimwe k’umumenyereza yitwaye neza buri kwezi akaba yaronse amanota 9/12.

Akaba yaciye aba umumenyereza wa mbere atahukanye ako gashimwe incuro zibiri yikurikiranya kuva ako gashimwe gatanguzwa mu mwaka wa 2020.

Twobibutsa y’uko ako gashimwe kazotangirwa i Gitega ku kibuga Ingoma igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2021 , umusi Musongati Fc izoba iriko iratana mu mitwe n’umugwi Aigle Noir Sc.

Must Read

# Indundi Sports | Eden Hazard yasavye imbabazi abakunzi ba Real...

0
  Inyuma y’urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions league aho Chelsea yirahiye Real Madrid Ibitsindo 2-0 , umukinyi wa...