5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home Burundi Umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu yagarukiye kubapfasoni bo muri Komine Ntahangwa

Umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu yagarukiye kubapfasoni bo muri Komine Ntahangwa

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 19 Ntwarante umwaka w’2021, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yashikirije imfashanyo abakenyezi bo muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo mfashanyo igizwe n’umuceri, ibiharage n’ivyambarwa, yahawe imiryango 100 itunze abatamakazi ba ntahonikora gusumba abandi, bo mu mazone yose agize komine Ntahangwa. Abagarukiweko bose basavye umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye kuzokwama abari hafi.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yatanze iyo mfashanyo aserukiye ishirahamwe “Umugiraneza”, akaba yiyemeje kuzofata mu mugongo abakenyezi bose bazokwijukira kuja mu mashirahamwe.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...