5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
HomeBurundiAdo Josan ashobora gusaba indaro muri Bantu Bwoy  

Ado Josan ashobora gusaba indaro muri Bantu Bwoy  

Abawuciye bagize ngo ntawuhindura umugwi utsinda, uwo niwo mugani ushobora gukoreshwa mu gihe uriko wibaza ivy’indirimbo zo muri Kazoza za Ado Josan. Aho n’inyuma yaho HMM yakoranye na Big Fizzo ivugishirije abatari bake ku mbuga ngurukanabumenyi bikanayitera kumenyekana cane gushika yaho irabwa cane ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi.

Naho wumva ibintu vyagenze neza kuri Ado Josan n’iyo ndirimbo HMM yavuzweko amajambo atari make, uwo muririmvyi ngo ashobora kutazoha umugongo Bantu bwoy mpaka abahetuye bose. Nkuko vyabonetse ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Ado Josan na Kirikou Akili ngo bagiye nabo gukora indirimbo, naho tutazi ryari izosohoka kuko Ado yamaze gusubira muri Finland aho asanzwe yisumamwo.

Ivy’iyo ndirimbo bikaba vyasokorotse inyuma yaho umwe mu bamukurikirana yamubaza nimba badategura gukorana na Kirikou. Kubwiwe akaba yavuga ko ata kibazo na kimwe cotuma badakorana indirimbo, noneho atumirira Kirikou kwegera urubuga ngo yishure ico kibazo kuko nawe kimuraba.

Kirikou ntiyaciye irya n’ino mu kwemeza ivy’umuzo w’iyo ndirimbo, noneho nawe aca ashirako umusumari mu kuvuga ko bobinyarutsa.

Hampande y’uwabajije ivy’iyo ndirimbo na Kirikou, hari n’uwamubajije ivy’ugukorana indirimbo n’abaririmvyi bo muri Bantu Bwoy bose, nawe avuga ko ivyo ataco arabiyagako nabo. Ariko bikaba vyumvikana ko atacobibuza.

Ado Josan muri ico kiyago yagiranye n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe kuri urwo rubuga rwa Instagram mu gice ca Storie, ntiyaretse kubazwa ku ndirimbo yakoranye na Jose Chameleon itarasohoka, aho yamenyesheje ko agiye kuyishira ahabona muri uno mwaka nyene.

Aha mukamenya ko hari uwuheruka gusabira ibihano Big Fizzo kubera iyo ndirimbo, ngo kubera ibiyirimwo bitajanye n’umuco w’ikirundi, kandi ko ibirimwo vyica yaba abana, bikaba bitanahesha icubahiro umugore w’umurundikazi.

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...