5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Abakinyi b’intamba mu rugamba baguma bashika i Bujumbura

# Indundi Sports | Abakinyi b’intamba mu rugamba baguma bashika i Bujumbura

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba nka Sabumukama Enock , Ulimwengu Jules , Ndikumana Justin , Nshimirimana David , Bizimana Amissi , Shaka Bienvenue hamwe na Nsabiyumva Fréderick bari mu nzira bagana mu gisagara ca bujumbura mu ntumbero yo kwitegurira inkino zibiri zizohuza igihugu cacu hamwe n’igihugu Centrafrique na Maroc .

Uwundi mukinyi yiyongeye kuri abo ni Nduwarugira Christophe akina muri Portugal.

Abakinyi gushika ubu tutaramenya ivy’urugendo rwabo ni Cédric Amissi, Ndayishimiye Youssuf Nyange , Marco Weymans , Nshimirimana Jospin , Ndizeye Eric , Gael Bigirimana hamwe na Mohammed Amissi.

Mu gihe ikinyamakuru canyu Indundi cabamenyesheje ko Saido Berahino wewe vyamenyekanye ko yanduye ingwara ya Covid-19.

Indundi irifurije urugendo rwiza abakinyi batarahaguruka n’abari mu nzira.

Mwomenya yuko ishirahamwe ry’umupira FFB ryamenyesheje ko imyimenyerezo izoba ata murorerezi canke umumenyeshamakuru mu ntumbero yo kwikingira ikiza Covid 19.

Gira akajambo ubabwiye..

 

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...