5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Intamba mu rugamba zashikiye mu Kato

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba zashikiye mu Kato

Inyuma yaho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ukiniye urukino rwabahuje na Maroc bagatsindwa igitsindo 1-0 ukaba zirasezerewe mu mahiganwa.

 

Nubwo bari bagerageje gukina ishaka,  imbere y’urukino bari bamaze kumenya ko batazokwitabira inkino za CAN 2022 bivanye n’uko Mauritanie yari imaze gutsinda Centrafrique igitsindo 1-0, bigaca biyiha amahirwe yo kwirabira inkino za CAN , abakinyi bamwe bamwe bakina muri Kenya hamwe no mu Burundi, tutibagiye na Staff baraye batahutse mu gihugu .

 

Naho baraye basugiye mu gihugu bakurikije itegeko ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu aho rivuga ko umuntu wese avuye mu mahanga ategerezwa gushikira mu kato ( Quarantaine) k’imisi indwi bivanye no gusuzuma ya ngwara ya Covid -19.

Abo bakinyi bakaba ari aba bakurikira :

1) Rukundo Onesime
2) Wilondja Ismail
3) Bizimana Amissi Coutinho
4) Shaka Bienvenue
5) Kanakimana Bienvenue
6) Ulimwengu Jules
7) Urasenga Dany Cédric Kagabo
8) Ndikumana Asman Garden

Kuribo hakiyongerako Staff y’intamba mu rugamba n’abari bagiye baherekeje Umugwi .

 

 

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...