5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Harimenshi Alexis ntakibarizwa muri Bumamuru

# Indundi Sports | Harimenshi Alexis ntakibarizwa muri Bumamuru

 

 

kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 31 Ndamukiza 2021, uwahora amenyereza Umugwi Bumamuru Fc, Harimenshi Alexis ntakibarizwa muri uwo mugwi wo mu Ntara ya Cibitoke .

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Sports, Harimenshi Alexis yavuze imvo zine zatumye atabandanya amenyereza uwo mugwi nazo zikaba ari izi zikurikira:

1) Kwinjirirwa mukazi aho amenyereza hama Comité n’abakinyi bakaba bifuzako bapanga urutonde rukina match

2) Yabonye ko atobandanya amenyereza uwo mugwi kabiri ku musi

3) Kutemerako umukinyi amaze indwi yose atagira imyimenyerezo   atobuzwa gukina urukino.

4) kutemera ko abari muri Comité bafata ingingo kubijanye n’imyimenyerezo no gukinisha abakinyi badashoboye .

Alexis akaba atari bwahabwe amasezera yo kumenyereza uwo mugwi, ahubwo bari bemerenije ko agiye gufasha mu nkino zo gusubiriza hamwe nizi gikombe c’umukuru w’igihugu .

Ku makuru twaronse muri kano gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 02 Ndamukiza 2021 nubwo tutayafitiye ivyemezo bikwiye , ni uko umumenyereza wa Vital’o Alain Olivier Niyungeko Mutombola yashoboye kuronderera abakinyi ba Bumamuru abamenyereza bazobandanya babafasha abo nabo akaba ari Sahabo Pariss hamwe na Makasi Luyeye .

 

Uwo mumenyereza ntiyibagiye gushimira umukuru w’umugwi akongera akaba numukuru w’Intara ya Cibitoke n’umukomiseri w’igipolisi ku rukundo ba mweretse nugufat’ingingo rugabo batihanganiye abatoba umurwi, akaba atibagiye Jean Paul yahoze arongoye umugwi wa Rusizi kubona yari yamwiyumviriye eka nabakinyi bamwe bamwe bari bazi ivyo barimwo yongera abater’intege anabasengera kugira Imana igirico ifashije uyo migwi.

Indundi Sports ikaba iriko irondera uwutwara Umugwi Bumamuru Fc ndetse n’abakinyi kugira batange umuco kuvyerekeye uwo mumenyereza ndetse n’abagiye kumusubirira muri uwo mugwi.

 

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...