5.5 C
New York
Saturday, October 23, 2021
HomeBurundi#Rachly Nish Batwitwa imburakimazi ,canke imaraya

#Rachly Nish Batwitwa imburakimazi ,canke imaraya

Akamaro ko guhurira mu ndirimbo imwe muri abaririmvyi n’akahe?

 

Nish ati:”Ni
kwungurana ivyiyumviro kuko harimwo abadukuriye bafise ubumenyi ,jewe bituma ngira inguvu bivanye n’ivyiyumviro vyabo bigatuma numva nokora cane kugira nanje ibikorwa vyanje ejo canke hirya yejo bizoze bifise iyindi image,gukorera hamwe bituma tugira inguvu n’akare ngo ”Ubugiri giri bugira babiri.”

Uwo akaba ari Nishimwe Ariane La Rochelle
umuririmvyikazi azwi kw’izina rya Rachly Nish asanzwe ahurikiye mu murwi (our power )ugizwe n’abaririmvyikazi babarundikazi bashimye gukorera hamwe nkuko nyene n’izina ribisigura Mu kirundi ngo ni (Inguvu zacu).

Nayo ngo intambamyi bahura nazo ngo ni uko abantu bataratahura ko ari akazi na cane cane mu kubita imburakimazi canke aba maraya n’ibindi ……..ni nayo mpamvu ahamagarira buri muntu wese abishoboye ahubwo kubafata mu mu gongo kugira bagaragaze impano yabo kuko ari umwuga nk’iyindi iyo uvyigenjejemwo neza.

Rachly yanashimiye abamaze kubitahura bama babatera intege anabasaba babandanye imbere ni heza.

Mugusozera yatubwiye ko afitiye agakemanyi abamuhoza ku mutima vuba aragafundurura, akaba atashimye kukavuga izina kugira ntagaheze akanovera.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Abarundi 4 bazohagarikira urukino rwa CAF Confederation...

0
  Abahagarikizi mpuzamakungu b’abarundi babandanya bizerwa na CAF kugira bazohore bahagarikira inkino za CAF Champions League canke CAF Confederation Cup. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya...