5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Parfait Bizoza : Sije nahisemwo gukinira aburundi nibo...

# Indundi Sports | Parfait Bizoza : Sije nahisemwo gukinira aburundi nibo bampisemwo

 

 

 

Mu kiganiro yari yakoranye n’ikinyamakuru Sport 24 , umukinyi Parfait b

Bizoza asa nkuwihakanye Uburundi mu kuvuga ko igihugu ciwe arico camuhisemwo ariko wewe atigeze ahitamwo kugikinira.

Umumenyeshamakuru niwe yatanguye kumubaza aho yamubajije ati” Mu rwerwo mpuzamakungu , ukinira Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi, naho usanzwe ufise ubwene gihugu bwa Norvege niyihe mpamvu yatumye udakinira Norvege? Canke watinye ko utaza kuronka umwanya wo gukina?

Parfait amwishura ati ‘’ Ntabwo nahisemwo umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba , nibo banyifuje barampamagara mu mugwi . ariko nari mfise imvune sinigeze ndanabakinira , ico nakoze gusa ni uko nagiye aho bariko bakorerayo imyimenyerezo ndahura n’abakinyi , ndimenyereza. narabikoze kuko nari nshaka gusubira aho nataye uruzogi ‘’.

Umumenyeshamakuru ati bica bigenda gute?

Parfait Bizoza: Sinigeze niyumva ko ndi muhira hariya . cari igihugu gishasha kuri jewe nta ncuti mfiseyo nta n’umwe tuganira wa hariya ( Burundi ). Muhira iwanje ni mu gihugu ca Norvege kandi biracashoboka ko ndayikinira . nico nipfuza muri uno mwanya , indoto yanje y’ubuzima n’ugukinira Umugwi wa Norvege .

Mwomenko Parfait Bizoza yaraje mu rukino rwahuje na Maroc ndetse aranashirwa no mu rutonde rw’abakinyi 18 ariko ntiyabashe gukina kubere iyo mvune yari afise .

 

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...