5.5 C
New York
Saturday, October 23, 2021
HomeBurundiMunyare yoba yahowe iki kugira arinde aja kwisigura ku rubuga rwa Facebook?

Munyare yoba yahowe iki kugira arinde aja kwisigura ku rubuga rwa Facebook?

Ishusho rya mbere ryabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi za Chany Queen, ico gihe uwo muririmvyikazi akaba yari yanditse agira ati : “Umusani tuzinanye”. Iryo shusho ryerekana umukinyi w’amareresi akaba n’umuririmvyi Deo Benshi bamenye nka Munyare ryarakunzwe n’abatari bake, bamwe muribo baryimurira no ku mbuga ngurukanabumenyi zabo.

Iryo shusho ryakurikiwe n’ayandi atari make yamwerekana yambaye umwambaro w’abakiri bato, abatari bake birabaryohera biranabatwenza, aho hari imbere yuko abenshi bemezwa ko ari ireresi bariko bakina.

Munyare akaba ashobora kuba yarabwiwe amajambo atandukanye n’abamusanze mu kigo ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, kuko yahavuye yandika ku rubuga rwiwe rwa Facebook asigura ko umwambaro yari yambaye hari ku mpamvu z’akazi gusa, ko mu buzima busanzwe atigera avyambara.

Yagize ati : “ Iyo myambaro uko ari ibiri n’iyindi tuyambara turiko turakina gusa, uwo twoba twarahwanye ndayambaye ampinyuze, kiretse uwamfotoye. Mugabo singomvye kunegura abazambara kuko hari abo zibereye, mugabo barae ko bikwije.”

Kuri ubwo butumwa, uwo mukinyi w’amareresi akaba yahavuye yishurwa n’abatari bake aho bamwe bamubwiye ko ata kibazo na kimwe kirimwo, ngo n’uburenganira bwiwe kuko aba ari mu kazi.

Iryo shusho twababwiye yari yambaye umwambaro w’abakiri bato, akaba yari yawambaye ariko akina ireresi mu mugwi ucisha ibikino vyabo ku rubuga rwa Youtube More Time Tv yahoze yitwa Burundi Tv.

Mwokwibuka ko Munyare yamenyekanye cane kubera urukino rwa Ninde aho yakinye izitari nke ahanura abantu batandukanye, ariko akaba yakunze gukina aboneka ari mu makosa, akaba ari nazo zanakunzwe.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Abarundi 4 bazohagarikira urukino rwa CAF Confederation...

0
  Abahagarikizi mpuzamakungu b’abarundi babandanya bizerwa na CAF kugira bazohore bahagarikira inkino za CAF Champions League canke CAF Confederation Cup. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya...