IKIRUNDI_news

Uruhigi rwuguruwe, intare zatanguye guhangana ngo haboneke uwutsindira Mow Kanzie

Mow kanzie kuri Micro za Siren Vibe ati : “Abankunda mu kinyegero ni benshi cane.” None bamwe bamwe batanguye kuvyura umutwe ku mbuga ngurukanabumenyi bashikiriza ikiri ku mutima.

Kuri uyu wa mbere niho umuririmvyi Wiz Designer akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, n’ishusho riboneka mu ndirimbo Ndapfuha Monna yakoranye na Kudum, yikura umusonga mu kuvuga akari kamubakiye, aho yavuga ko atazi aho ahera mu kuvuga uburyo amukunda.

Kuri Instagram yiwe yagize ati :“Uno mwana ndamwihweza nkashaka kuvuga ikiri ku mutima ariko ndabura uko ndabigenza, But Today I just wanna tell you like ndamukunda So Much.”

Kuri ubwo butumwa bwahavuye buhererekanwa n’abatari bake, barimwo imbuga za Instagram zisanzwe zikundwa cane hano iwacu, Uwo mwigeme aheruka guhebwa n’uwo bari basanzwe bakundana, yahavuye nawe yishura amubaza igituma atabivuze kare kandi numero ziwe za Whatsapp azifise.

Uwo muririmvyi yaragafise ku mutima, ntiyari wenyene kuko n’abandi nabo bahavuye baricira ritarabaniga. Marembo abarizwa ku mugabane wa Amerika nawe ati muraraba neza tugende ku murongo kuko nije natanguye gushing icumu.

Uruhigi rero rukaba rwuguruye, kuko abo n’abazwi nayo abatazwi bamusanga mu kigo haba kuri Instagram canke kuri Whatsapp n’ahandi bakaba bashobora kuba ari umurengera gusumba.

Uwufise amahigwe we bikaba bigoye kumumenya, ariko ikizwi co nuko intebe yahagurutsemwo uwamuteye akagere ishobora gusubira kwicarwamwo umwanya n’umwanya kuko yivugiye ko bitamukundira ko amara kabiri atari mu rukundo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810