Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, umugambwe w’urwaruka ruharanira amahoro APDR wagendeye intara ya Bujumbura mu ntumbero yo kurimbura aho inguvu z’uwo mugambwe zigeze kugira ngo witegurire neza amatora yo mu mwaka w’2025.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’urwo rugendo agize mu ntara igira gatatu ari ukwirimbura muri uyo mugambwe barabe ukuntu uwo mugambwe uhagaze inyuma y’amatora mu ntumbero yo gukomeza inzego zawo, aho basanze zigoyagoya bazisubirize nayo aho zitari bazishireho, kwigisha indongozi zo mu ntara kumenya ukwo bigenze inyuma y’amatora hamwe no kurimbura barabe aho Reta Nkozi Reta Mvyeyi igejeje ikivi muri aya mezi icenda aheze ishinzwe.
Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko muri aya mezi icenda aheze Reta ishinzwe yakoze koko nka Reta Nkozi Reta Mvyeyi na canecane mu kurwanya ibiturire, kunagura imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kunywanisha abarundi, kwugurura amaradiyo n’amashirahamwe yari yarugawe, kwitaho igisata c’amagara y’abantu n’ibindi.
Yamara abasokuru barayamaze ngo “nta nyambo ibura agahonzi”, umugambwe APDR uranegura ingendo itabereye y’ubushikiranganji bumwebumwe bushikiriza uko amezi atatu aheze ibikorwa bwaranguye ariko ngo butigeze bushika ku rubuga ngo bwibonere ukwo ibintu bimeze.
Aha umukuru w’uwo mugambwe yatanze akarorero k’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi aho ngo hacibonekeza abakozi ba Reta batazi ico bategerezwa gukora bagatonda ku masaha bishakiye, ubushikiranganji bujejwe inyubako n’uburaro, ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka n’ubundi.
Ibindi bisata uwo mugambwe ubona bigikenewe ko vyokwongererezwa inguvu ngo ni igisata c’imicokama ngo kititaweho na canecane kubanyabugenegene n’abaririmvyi, igisata c’ugukingira ibidukikije na canecane gukingira inkengera z’ikiyaga Tanganyika, abanyororo bahohoterwa, ingomero bavuga ko bariko barubaka ariko umuntu akarindira ko zitangura gukora amaso agahera mu nzira hamwe n’ikigo BBN ngo kidakurikirana neza ibidandazwa bimwe bimwe vyinjizwa mu gihugu bishobora kugira ingarukambi ku magara y’abantu bavyihereza.
BANZAWITONDE yarangije aremesha abanywanyi biwe ko mu matora yo mu 2025 biteze kuzoronka ikibanza ca kabiri aho ni mugihe mu matora aheruka yo mu 2020, uwo mugambwe waronse ikibanza c’umunani mu ntara indwi wari witojemwo.