Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, igihe c’isaha icenda 15h00 niho umugwi Musongati Fc wo mu Ntara ya Gitega wari wakiriye Umugwi Aigle Noir ku kibuga c’ingoma mu rukino rw’indwi ya 25 rw’ihiganwa rya Primus league, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Musongati Fc itsinze Aigle Noir The Fighters igitsindo 1-0, igitsindo cinjijwe n’umugande Joseph Othieno ku munota wa 90 w’urukono bica bituma Musongati iryamana ikibanza ca mbere muri Primus league vy’imfatakibanza.
Aigle Noir ikaba yaciye irara mu kibanza ca 6 n’amanota 40 mu nkino 25 umaze gukina .
Mwomenya y’uko hasigaye inkino 4 gusa kugira ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere rirangire, gushika ubu biragoye kumenya umugwi uzotwara igikombe kuko biracashoboka y’uko n’umugwi uri mu kibanza ca 8 utwara igikombe ca Primus league.
kurikirana ingene urukino rwagenze uciye ngaha kuri IndundiTv :