5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home Burundi Amadorari arenga imiriyoni 49 niyo akenewe kugira uwo mugambi uranguke

Amadorari arenga imiriyoni 49 niyo akenewe kugira uwo mugambi uranguke

Amafaranga arenga imiriyoni mirongo ine n’icenda z’amadorari y’abanyamerika niyo akenewe kugira umugambi wo kugwanya koronavirisi uranguke neza.

Menshi muri ayo azokoreshwa mu kugura ibikoresho vyo gupima no kwifashisha mu kuvura ababa barwaye hamwe n’ukugura imiti.

Bishikirizwa n’umushikirangaji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, Dr Thaddée Ndikumana hari mu ruganda ubushikiranganji aramutswa bwatunganyije kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2021 rujanye no kurabira hamwe no kwemeza integuro irimwo ingene bazorwanya uwo mugera mu mezi atandatu ari imbere.

Thaddée Ndikumana avuga ko muri uwo mugambi harimwo no gupima abanyeshure biga bataha barenga imiriyoni zibiri, agasaba abasanzwe bakorana na Reta y’Uburundi gufasha kugira ubwo buryo buboneke.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...