5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
HomeBurundiInzara ziruta abatari bake mu baza gusoma iyi nkuru ziheruka gucibwa

Inzara ziruta abatari bake mu baza gusoma iyi nkuru ziheruka gucibwa

Inzara gushika uno musi zari mu kibanza ca 1 mu kuba ndende kw’isi, ziheruka gucibwa zifise uburebure burenga imetero zirenga gato 7, ngo zaheruka gucibwa bamwe bamwe mu bahava basoma ino nkuru batarabona izuba.

Mu myaka ya 1990 ngo niho umunyamerikakazi William Ayanna yaheruka gucibwa inzara, mu mwaka wa 2017 naho akaba ariho yagirwa umuntu w’igitsinagore wa mbere kw’isi afise inzara ndende. Ico gihe ngo zari zifise uburebure bw’imetero 5 gusa.

Gusukura n’ugusiga izo nzara zari ndende kw’isi ngo nticari igikorwa coroshe, kuko vyamufata umwanya w’amasaha 20 n’ugucupa tw’amarangi bazisiga turenga 4 kugira abashe gutuma izo nzara zisa neza gusumba.

Umwanya muto imbere yuko bazikata

Uwo muvyeyi yabwiye ibinyamakuru ko yashimye kwitandukanya n’izo nzara ngo bikunde aronke akaryo ko gukora ivyo atashobora gukora gushika azice. Ikindi yamenyesheje imbere yuko azica nuko ngo kubana nazo vyamufata kuba maso umwanya uwariwo wose kubera yanka ko yikomeretsa kubera izo nzara.

Ico kibanza imbere yuko kijamwo Ayanna William, ngo carimwo uwundi munyamerikakazi , Lee Redmond,  nawe yaramaze imyaka irenga 30 adaca inzara ziwe, uwo nawe akaba yazibuze mu mwaka wa 2007  nkuko Guinness World records zifise uburebure bw’imetero zirenga 8 z’uburebure.

Mbe natwe hano iwacu ntawe turaronka akora ikintu gusumba abandi kw’isi? Uwumuzi araturya akara tumumenye.

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...