5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomefootballPrezida wa Musongati ngo yababajwe no gutsindwa kwa Flambeau du Centre

Prezida wa Musongati ngo yababajwe no gutsindwa kwa Flambeau du Centre

 

Mu gihe umugwi Musongati Fc wari uhejeje kwirahira Aigle Noir igitsindo 1-0, mu rukino rw’indwi ya 25 rw’ihiganwa rya Primus league Burundi rwari rwabereye i Gitega , uwutwara umugwi Musongati Fc Denis Karera yatanganje abatari bake mu kuvuga y’uko Flambeau du centre atari abakeba babo ahubwo ari batoya babo asubira avuga y’uko yababajwe no gutsindwa kw’uwo mugwi basangiye igisagara.

“Intsinzi y’uno musi sinokwirirwa ndayivugako vyinshi mwavyiboneye kirya gitsindo cinjiye ingene abakunzi b’umugwi Musongati bari bitavye ari ibihumbi vyinshi hano ku kibuga Ingoma bavyerekanye. Jewe nk’umusuku wabo sinoreka kwifatanya nabo mu kugaragaza umunezero ntangere kuko vy’ukuri ni umunezero kuko murabona y’uko vyaciye biduha amahirwe yo kuba mu kibanza ca mbere”.

Abajijwe y’uko yoba yaryohewe no kubona umukeba wabo Flambeau du Centre yatakarije i Bujumbura, Karera  akaba yagize ati : “Ubwa mbere hoho jewe umugwi wa Flambeau du Centre sindawufata nk’umukeba barya ni umugwi tuvukana ngaha mu ntara ya Gitega,  batoya bacu kubona batsinzwe jewe ntivyanshimishije”.

Denis Karera akaba yarangije avuga y’uko bipfuza gutwara ibikombe vyose vyo muri uno mwaka bidakunze bapfume batwara igikombe kimwe .

Kurikirana ikiganiro cose ca Denis Karera yakoranye na Indundi Tv 👇🏿👇🏿

 

 

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...