5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home abakinyi bakina hanze Marco Weymans agiye kumara indwi 8 ataboneka mu kibuga

Marco Weymans agiye kumara indwi 8 ataboneka mu kibuga

Ntibikiri ibanga umukinyi w’inyuma w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba hamwe nq Ostersunds FK wo mu cicaro ca mbere muri Swede Marco Weymans agiye kumara indwi 8 ni ukuvuga azomara amezi abiri adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Imvo n’uko yagize imvune kw’ivi ryiwe ry’ibubampfu ari mu myimenyerezo ibizotuma ataboneka mu rukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba mu rugamba na Misiri mu kwezi kwa Ruheshi igenekerezo rya 03 umwaka wa 2021.

Weymans akaba ari umwe mu bakinyi bafatiye runini umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ibura ryiwe mu rukino ruzoduhuza na Egypt ruzoba ari uruhombo runini naho ruzoba ari urukino rwa kivandimwe.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...