5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeTchabalala yafashije As Kigali gutsinda Gorila Fc

Tchabalala yafashije As Kigali gutsinda Gorila Fc

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2021 , isaha icenda ku kibuga co kumumena kiri mu gisacara c’Urwanda Kigali, niho umugwi As Kigali wakira umugwi Gorila Fc mu rukino rwa kivandimwe rwo kwitegurira ihiganwa ryo mu Rwanda rigiye gutangura igenekerezo rya 01 Rusama 2021, urwo rukino rukaba rwarangiye As Kigali yirahiye Gorila Fc ibitsindo 3-2.

Muri ivyo bitsindo harimwo igitsindo c’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala igitsindo yacinjije ku munota wa 14 w’urukino mugihe ibindi bitsindo biriri vyinjije na Hakizimana Muhajiri ku munota wa 67 hamwe no kumunota wa 75.

Mwomenya y’uko uwo mugwi As Kigali udakinamwo Hussein shabani Tchabalala wenyene usanzwe ukinamwo uwundi mukinyi w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot ariko ntiyigeza akina muri urwo rukino.

 

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...