5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
HomeBurundiDaddy Face yafashwe nk’intama, akubitwa ku ntoke, none atashe nk’uwaragiriye inarume

Daddy Face yafashwe nk’intama, akubitwa ku ntoke, none atashe nk’uwaragiriye inarume

Abarundi barayamaze ngo umuhini mushasha utera amabavu, ubwo bushasha nibwo buheruka gukora ku muririmvyi w’umurundi abarizwa ku mugabane wa Amerika, Daddy Face aho yahumiwe n’umuririmvyi w’umu Tanzaniyakazi, Nandy, mu kumutwara yaba amafaranga yiwe co kimwe n’indirimbo bari bakoranye.

Indirimbo igisohoka ku rubuga rwa Youtube, abantu bose bari bafise ibibazo bitari bike kucoba catumye iyo ndirimbo yakozwe n’abantu 2, Daddy Face na Nandy, imenyekanishwa na Face wenyene. Bamwe bakaba babona ko vyoba vyabaye nk’ivyaheruka kuba ku baririmvyi Sat-b na Natacha aho batamvye birorera.

Ku musi w’ejo niho inkuru y’incamugongo Daddy Face yayishira ahabona abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, aho yamenyesha ko yaraye akubiswe ku ntoke, n’utwo yarirako twaraye dutumutse nk’ifu y’imijira.

Mu butumwa butari buto yacishije kuri urwo rubuga, uwo muririmvyi avuga ko akorana indirimbo na Nandy ngo yamurishe umukagato w’amafaranga ukwiriye umuntu ari mu rugezo nk’urwiwe, ariko kubera akanya ngo ntiyabashije kuronka akanya ko gukorana nawe amasanamu gushika mu misi iheze aho yagerageza kurondera uburongozi(Managment) bwa Nandy ngo arabe ko bokorana Video clip, ariko bakigira nk’abatamubona, bakirabira kwaba Yoya akavuze Mkombozi.

Kubera uburyo yaramaze gushira muri iyo ndirimbo, ngo ntivyamuryoheye, ahitamwo kuyisohora. None uruhigi rurahindukira, Imbeba aba niyo yiruka ku kayabu, bamubwira ko yoyifuta, noneho agatanga ayandi mahera bagakora iyindi, kuko iyo ngo yari yaririmvye nabi. Nawe ababera ifuro ry’igiti yanka kujana narwo, noneho nabo bamwereka ubugegito, ahari impene hasigara ikiziriko.

Uwo muririmvyi avuga ko yamaze kubababarira kuco bamukoreye ngo kubera abasavye kumusubiza ngo ntibobikora, kandi ngo amaze kuyishirako ayandi mafaranga atari make kubera Promotion.

Mu babashije kugira ico bavuga, abatari bake bamwihanganishije, abandi bamubwira ko atagerezwa gusubizwa utwiwe, ariko abandi nabo bamubwira ko ico yakoze ari amakosa cane, ngo ntiyari akwiye kugenda nk’intama, kandi hari abarundi bari gushobora kubimufashamwo kandi bikagenda neza.

S’uwa mbere bivuzweko muri Tanzania, kuko hari abandi batari bake bamaze kuvugwako kunyanganya amafaranga, mugakorana ariko igikorwa ntigisohoke canke bakagukorera ivyo mutumvikanye .

Mwomenya ko indirimbo yiwe ya nyuma, Marry You, yaheruka kuyishira ahabona haraheze amezi 5, ikaba imaze kurabwa incuro 2500, akaba yari yayikoze wenyene.

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...