5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | Amissi Tambwe abandanya akora ivyo yakora muri Tanzania

# Indundi Sports | Amissi Tambwe abandanya akora ivyo yakora muri Tanzania

 

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Amissi Tambwe abandanya yigenza neza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Djibouti .

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2021, ihiganwa ryo mu gihugu ca Djibouti ryari ryabandanije ku ndwi yaryo ya 17 , aho Umugwi Police Fc ukinamwo abarundi nka Tambwe Amissi , Arakaza Mac Arthur hamwe na Kaze Gilbert Demunga wari wakiriye umugwi Baruako Fc , urwo rukino rwangiye ari ibitsindo 3 -0 vya Police Fc .

Muri ivyo bitsindo bitatu Police Fc yinjije harimwo ibitsindo 2 vy’umusatirizi w’umurundi Amissi Tambwe .

Ivyo bikaba vyaciye bituma Amisi Tambwe ashikana ibitsindo 17 mu nkino 16 amaze gukinira Umugwi police Fc .

Mwomenya y’uko umugwi Police Fc uri mu kibanza ca Gatatu n’amanota 32 mu nkino 17 umaze gukina .

 

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...