5.5 C
New York
Saturday, October 16, 2021
HomefootballJose Mourinho ahejeje gusezererwa muri Tottenham

Jose Mourinho ahejeje gusezererwa muri Tottenham

Ukunganya na Everton vyatumye umumenyereza rurangiranwa Jose Morinho asezererwa n’uburongozi bw’umugwi Tottenham wo mu gisagaca ca Londres mu bwongereza, akaba yirukanywe muri uwo mugwi amaze amezi 17 amenyereza uwo mugwi wo mu gisagaca ca Londres.

Tottenham Hospurs ikaba iri mu kibanza ca 7 ku rutonde rw’imfatakibanza mw’ihiganwa ryo mu bwongereza English Premier league inyuma yo gukina inkino 3 ukaronka amanota abiri ndetse no mu kwezi guheze wasezerewe muri Europa League.

Mwomenya y’uko uwo mugwi uzokina urukino rwanyuma rwa Carabao Cup n’umugwi Manchester City igenekerezo rya 25 muri uku kwezi kwa Ndamukiza 2021.

Akaba yirukanywe n’abahora bafashanya muri uwo mugwi twita Staff, uwugiye kumusubirira akaba ari umukinyi wa kera wa Tottenham yari amaze imisi amenyereza umugwi w’abakiri bato wa Tottenham , akaba azotangura akazi ku musi wa mbere.

- Advertisment -

Must Read

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

0
Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni. Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu...