5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home Burundi Ivya Nella Neth na Pechie b Nation vyahavuye bimenyekana

Ivya Nella Neth na Pechie b Nation vyahavuye bimenyekana

Abaraho barayamaze ngo ninde afise nkaba tugahaya, na Pechie nawenuko  mu beza isi ifise na cane cane Uburundi bufise, ngo Nella Neth aza mu ba mbere, ivyo n’ibiheruka kwumvikana mu ndirimbo aheruka gushira ahabona haraheze imisi iharurwa ku ntoke.

Muri iyo ndirimbo agaruka ku kw’iboneka ry’abatari bake mu barundikazi barimwo umumenyeshamakuru, Hosy irakoze n’abandi, Nella Neth wewe ngo ubwiza bwiwe n’ubwo kurata. Ico kikaba kitijanye kuri Nella Neth asanzwe aharurwa mu barundikazi 3 ba mbere bakurikirwa cane ku rubuga rwa Instagram rutanguye guhurumbirwa cane hano iwacu.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram rukurikirwa n’abarenga 120,000 akaba yumvishije abamukurikirana, bakunze kugaruka cane cane ku bwiza bwiwe ko yaririmbwe.

Inyuma y’ico gikorwa ca Nella Neth, hahavuye hamenyekana impamvu uwo murundikazi yumvikanye muri iyo ndirimbo, biciye kuco Pechie yashikirije kuriwe ku mbuga ngurukanabumenyi  nka Instagram na Facebook asanzwe akoresha. Mu butumwa yanditse yamenyesheje ko uwo murundikazi abarizwa ku mugabane w’uburaya yamufashije vyinshi ; Muvyo yamufashije, uwo muririmvyi yavuze ko harimwo ivyiyumviro kugira bikunde  indirimbo yiwe « AJUGU »  ibashe kuryoha.

Yagize ati : ʺMfashe umwanya nkuyu wo Kuvuga ibi bikurikira Kuri @nellaneth Beautiful Woman Influencer Yamfashije Vyinshi kuri Video yanje yindirimbo yitwa #AJUGU igire uburyohe Bwa Video Uravye Scripts(ideas) zayo Zose En Tout cas Vraiment Urashobora kuyiraba 10 fois 😊 Yarafashe umwanya Atari muto arambwira uko Video noyikora kuva Muntango Till The End Arambwira Nimpuzu Nokwambara Nibindi Vyinshi Hama ivyo nari napanze Ampanura ko nobiheba That’s Why Uno Musi Mfashe akanya ko kumushimira Cane bivanye Nuko anyigisha ubwenge Bwanje Akabwugurura kurusha kugira igihugu cacu Kirushirizeho Kujabuka .Et Merci Beaucoup Namwe Mwese Munshigikira .So Abakunzi B’umuziki Mwiza Tuvuge Twese Uti @nellaneth Ubahwa🙏😊.ʺ

Mu ntumbero yo kubandanya amenyekanisha iyo ndirimbo yiwe, uwo muririmvyi yahavuye anatunganya ihiganwa ku basanzwe batamba ʺDancersʺ aho yabasaba gutamba ako karirimbo umunota umwe gusa, noneho bakarungika akaririmbo kuri Whatsapp. Mu bazobasha kuja muri iryo higanwa  2 gusa bakaba aribo bazobasha kuronswa agashimwe, uwa mbere akaba azohabwa amafaranga 100,000fbu, nayo uwa kabiri akabazoronswa 50,000.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...