5.5 C
New York
Sunday, May 9, 2021
Home football Kayanza United mu mahirwe adasanzwe yo gutwara igikombe

Kayanza United mu mahirwe adasanzwe yo gutwara igikombe

Umugwi Kayanza United wo mu ntara ya Kayanza waraye utsinze igitsindo 1-0 umugwi Bs Dynamik mu rukino rw’indwi ya 27 rwa Primus league ivyatumye uwo mugwi ubadanya wiyongereza amahirwe yo gutwara igikombe ca Primus league co muri uno mwaka.

Uti amahiwe yo gutwara igikombe yiyongereye gute? N’uko imigwi ishika kuri 3 bariko bahiganirwa igikombe yaraye inganije aho novuga Musongati Fc waraye unganije na Les éléphants ibitsindo 2-2, Messager Ngozi nayo inganya na Rukinzo Fc igitsindo 1-1.

Umugwi utakinye wonyene bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere ni Flambeau du Centre nawo nyene uraza gukina kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2021 n’umugwi Vital’o Fc mu Ruyigi , urwo narwo ntiruza kuba ari urukino rworoshe bivanye n’ingene Vital’o Fc imaze imisi iriko iravyitwaramwo.

Kayanza United ikaba yaciye irara mu kibanza ca mbere n’amanota 49 mugihe Flambeau du Centre ufise amanota 48 ukaramuka utsinze urukino rwayo uza gufata ikibanza ca mbere n’amanota 51.

Turavye rero inkino imigwi iriko ihiganirwa igikombe isigaye ubona y’uko Kayanza ifise amahirwe yo gutwara igikombe, imigwi isigaye ni iyi ikurikira :

– Athletico Academy
– Royal Fc hamwe na Les elephants

Flambeau du Centre nayo isigaje izi nkino zikurikira:

– Aigle Noir
– Rukinzo Fc
– Messager Ngozi

Messager Ngozi nayo :

– Olympic Star
– Aigle Noir
– Flambeau du Centre

Rukinzo nayo :

– Inter Star igeze aho umwansi ashaka
– Flambeau du Centre
– Vital’o Fc

Musongati Nayo :

– Vital’o Fc
– BSD
– Inter Star.

 

Must Read

# Indundi Sports | Eden Hazard yasavye imbabazi abakunzi ba Real...

0
  Inyuma y’urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions league aho Chelsea yirahiye Real Madrid Ibitsindo 2-0 , umukinyi wa...