5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
Homefootball# Indundi Sports | Bs Dynamik yitwariye umuhagarikizi wo kuruhande yatanze penariti...

# Indundi Sports | Bs Dynamik yitwariye umuhagarikizi wo kuruhande yatanze penariti batemera

 

 

 

kuri uyu wa Kane waraye uheze igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2021 , Isaha indwi n’igice 13h30 niho Umugwi Bs Dynamik wari wakiriye umugwi Kayanza United wo mu kayanza mu rukino rw’indwi ya 27 rwa Primus league .

Urwo rukino rukaba rwarangiye ari itsinzi y’igitsindo 1 ca Kayanza ku 0 bwa Bs Dynamik igitsindo cinjijwe biciye kuri penariti yazanye amatati . .

Bs Dynamike ntiyigeze yemera penariti Kayanza yahawe yoyo ivuga yuko umuharikizi wo kuruhande yadugije igitambara yereka umuhagarikizi wo hagati y’uko ariyo, ivyo ubuyobozi bwa Bs Dynamik bwamirira  kure bivanye n’ingene amasanamu avyerekana.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2021, uwutwara  Dynamik Général de Brigade Nyamugaruka Dominic yavyutse yandikira ishirahamwe ry’umupira w’ amaguru mu Burundi FFB aho muri iryo kete yanditse y’uko umuhagarikizi wo kuruhande yeretse umuhagarikizi wo hagati y’uko irya Penariti ariyo mugihe amasanamu y’urwo rukino yerekana y’uko umukinyi wa Bs Dynamik atigeze akora kuri uwo mukinyi ndetse uyo mukinyi akaba yaranahawe n’ikarata y’umuhondo .

Général de Brigade Nyamugaruka Dominik akaba yasavye FFB kuraba arya masanamu neza irabe ko umugwi Bs Dynamik utoba wagiriye akarenganyo maze munyuma baze batunganirizwe.

 

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...