5.5 C
New York
Sunday, May 9, 2021
Home football # Indundi Sports | Ndarusanze Claude yafashije Rutsiro Fc gutsinda Kiyovu Sports

# Indundi Sports | Ndarusanze Claude yafashije Rutsiro Fc gutsinda Kiyovu Sports

kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Rusama 2021 , Isaha zitandatu n’igice 12h30 , niho ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda ryatangura icese .

 

Umugwi Rutsiro Fc ukinamwo Abakinyi babiri b’abarundi aribo Ndarusanze Jean Claude hamwe na Musisi wari wakiriye Umugwi Kiyovu Sports ukinamwo abarundi babiri Ngando Omar hamwe na Bigirimana Abedi . Urwo rukino rwarangiye Rutsiro Fc wirahiye Kiyovu Sports ibitsindo 2-1.

Igitsindo ca mbere ca Rutsiro cinjijwe n’umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude ku munota wa 10 mugihe ica kabiri cinjijwe ku munota wa 80 na Hatangimana Eric mugihe igitsindo ca Kiyovu Sports cinjijwe na Robert Saba ku munota wa 06.

Ni intango nziza cane kuri Ndarusanze Jean Claude hamwe n’umugwi wiwe wa Rutsiro kubona batanguye ihiganwa n’amanota 3 ya mbere .

Abakinyi b’abarundi bashoboye gukina urwo rukino ku ruhande rwa Rutsiro ni Nderusanze Jean Claude ,  hamwe na Musisi , mugihe ku ruhande rwa Kiyovu ni Bigirimana Abedi hamwe na Ngando Omar.

 

 

 

Must Read

# Indundi Sports | Eden Hazard yasavye imbabazi abakunzi ba Real...

0
  Inyuma y’urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions league aho Chelsea yirahiye Real Madrid Ibitsindo 2-0 , umukinyi wa...